MINEMBWE, SUD KIVU:- N’ubwo ingabo za FARDC zikomeje kwisuka ari ninshi mu karere k’imisozi miremire ya Uvira, Fizi, na Mwenga ariko ntizirahagarika ibitero bigenda byibasira abaturage.
Amakuru dukesha umunyamakuru wacu uri mu Minembwe nuko Mai Mai yongeye kugaba igitero mu muhana wo mu Gahwera, uherereye muri Minembwe.
Iki gitero kikaba cagabwe ahagana isaha zirindwi z’amanywa(13h00′), akaba ari mu gihe hari harimo kugwa imvura ninshi cane bikaba bigoye kumenya ibimaze kwangirika. Twagerageje kuvugana n’abantu bari mu gahwera ariko raison za telephone ntizadukundira gusa turakomeza kubikurikirana.
Iki gitero kije nyuma yaho General Tonny Mwangala, umuyobozi w’ingabo za FARDC mu Minembwe, asezeranije abaturage kur’aka Gatanu kashize ko bagiye gukora ibishoboka byose bubahishe leta ya DR Congo. Yongeyeho ko bakeneye abasoda benshi cane kugirango bashobore kurandura iriya mitwe yose yitwaje gisirikare.
Yaboneyeho Gusaba abantu bose bitwaje ibirwanisho ko babishira hasi kandi nimba bakibikunze baze basabe kwinjira mu gisoda c’igihugu.
Turabibutsa ko iyi mirwano imaze igihe kirenga imyaka 2 mur’aka karere ikaba imaze kwangiza ibintu bitabarika. Ababikurikiranira hafi basanga izi ntambara zarahwe umurindi n’imitwe y’amahanga yarimaze kwubaka ibirindiro muri zone ya Mwenga, Fizi, na Uvira.
Imana niyo igomba kuturengera ibi bintu birababaj rwose
Uwo mucolonel agombe kuba ariwe ubifitemo uruhari.