Moise Katumbi ngo azashirwa aruko yahawe uburenganzira bwo kugaruka mugihugu mbere y’amatora…

0
149

KINSHASA, CONGO – Hagati ya nagatanu ku minsi 03/08/2018 na niposho ku minsi 04/08/2018 nibwo Moise Katumbi, utavuga rumwe na leta ya Congo yangiwe kongera kugaruka mu gihugu nyuma yaho afatiwe ibihano agahunga. Katumbi biravuga yuko yagerageje gusaba uburenganzira bwo kugaruka mu gihugu anyuze mu gihugu ca Zambia kugira ngo agaruke mbere yuko amatora y’umukuru w’igihugu aba mu kwezi kwa 12. Ariko ngo ibi byose leta ya Kabila yanze ivuye inyma ko Katumbi ahabwa aya mahirwe yo kugaruka mu gihugu.

Moise Katumbi, wangiwe na leta ya Congo kugaruka mu gihugu…

Nkuko byatangajwe na Olivier Kamitatu, umuvugizi wa Katumbi, we ngo abona ko ari akarengane kandi hatakurikijwe ibwirizwa ry’igihugu (violation de constitution) nkuko yabyivugiye m’ururimi rw’igifaransa. Olivier Kamitatu yakomeje kwereka ubumwe mpuza mahanga ko iki ari ikibazo gishobora guhungabanya umutekano mu gihugu ndetse ko n’amaraso y’inzira karengane ashobora kongera kumeneka mu gihugu.

Tubibutse ko Jean-Pierre Bemba, wigeze kuba icegera c’umukuru w’igihugu mu iyinga rishize aribwo yagarutse mu gihugu nyuma yo gutabwa muri yombi n’urukiko mpuzamahangarw’i Lahe (Lahaye). Nyuma yo kugaruka mu gihugu Jean-Pierre Bemba, w’imyaka 55 y’amavuka yahise yiyamamaza mu bazahatanira umwanya wo kuyobora igihugu ca Congo.

Tubibutse kandi ko amatora y’umukuru w’igihugu muri Congo ateganyijwe kuba ku minsi 23/12/2018 ariko kugeza kuri none bamwe mu bayobozi batandukanye batabivuga ho rumwe. Benshi muri bano bayobozi bakomeje gutera utwatsi Peresida Kabila ko adakwiye kwiyamamaza ahubwo akwiye kurekera abandi kuko ngi igihe ce carangiye ariko kandi agakomeza kwerekana ko adashaka kurekura ubutegetsi.

Nkuko byatangajwe na Olivier Kamitatu, nagatanu nibwo umufaransa, Eric Dupond-Moretti, uburanira Moise Katumbi yari yiteguye kujana ikirego c’uko uwo aburanira, Katumbi arenganwa kandi hadakurikizwa amabwirizwa y’igihugu.

Kamitatu yavuze yuko ejo niyinga hashize Katumbi yari ku birometeri 150 (150 kilometres) hegereye umupaka w’igihugu ca Congo n’igihugu ca Zambia ariko yangirwa n’ubuyobozi bwa leta ya Congo kwinjira mu gihugu kandi ari nta mpamvu zigaragara.

Kamitatu yagize ati:

Ubwo rero ndumva hagiye gukurikizwa ho izindi nzira kugira ngo Katumbi yinjire mu gihugu adafite izindi mbogamizi. – Kamitatu –

Kuruhande rwa leta ya Congo bo bavuga ko Moise Katumbi, umugabo w’imyaka 53 y’amavuka, wigeze kuba geverineri w’intara ya Katanga, aregwa icaha co guteza umutekano muke mu gihugu kandi adakwiriye kongera kwemererwa kwinjira mu gihugu. Katumbi yari yarahungiye mu gihugu c’Ububirigi kuva mukwezi kwa 5, umwaka wa 2016, nyuma yo guhigwa ndetse agahunga ingoma ya Perezida Kabila.

 

LEAVE A REPLY

Please enter your comment!
Please enter your name here