KINSHASA, CONGO – Nkuko byari byitezwe muntara hafi ya zose z’igihugu ca Republika Iharanira Demokrasi ya Congo, none n’Agatatu ku minsi 10/04//2019 nibwo aba guverneri batowe kurwego rw’intara, (gouverneurs provinciaux) bazindukiye mu matora y’abakuru b’intara (gouverneurs). Aba ba guverneri biravugwa yuko bagiye kuyobora intara mukiringo c’imyaka itanu (5 ans).

Muntara ya Kivu y’amajy’epfo Ngwibidje Kasi Théo, ubarizwa mw’ishaka AFDC niwe wegukanye intsinzi kumajwi mirongo itatu n’umunani ku ijana (38%). Ngwabidje yakurikiwe na Kibala Nkold nawe wagize amajwi atanu ku ijana (5%). Inyuma ye Telexis Rubuye nawe yagize amajwi ane ku ijana (4%), Shenila Mwanza nawe akaba yagize ijwi rimwe ku ijana (1%); biravugwa yuko Justin Bitakwira ukomoka mukarere ka Uvira yuko atagize ijwi habe na rimwe muri aya matora.

Nkuko byari mu mazezerano, amahuriro ya FCC na CACH bagiranye mbere yuko aya matora aba, ni muco bise “Ticket gagnant FCC-CACH” Malago Fiston, ubarizwa mw’ishaka UNC yahise atsindira umwanya w’icegera ca guverineri watowe muri iyi ntara ya Kivu y’Amajy’epfo.
Nkuko tubikesha ikinyamakuru http://www.actualité.cd biravugwa yuko izindi ntara abatowe bamaze kumenyekana, aha twovuga nk’intara ya Tanganyika aho byemezwa yuko Zoe Kabila, yatambukanye intsinzi ku majwi 16%. Tubamenyeshe yuko uyu Zoe Kabila avukana na Joseph Kabila wahoze ari umukuru w’igihugu.
Dore uko amatora yagenze muzindi ntara nuko bagiye begukana intsinzi.
- Intara ya HAUT UELE: NANGAA Christophe.
- Intara ya KASAÏ: PIEME Dieudonne.
- Intara ya MANIEMA: MUSAFIRI Augustin.
- Intara ya HAUT KATANGA: Kyabula Jacques.
- Intara ya LUALABA: MUYEJE Richard.
Tubibutse yuko aya matora yari yategekanijwe kuba ku minsi 26/03/2019 agasubizwa inyuma nkuko byasabwe na perezida Felix Antoine TSHISEKEDI nyuma yaho bivuzwe ko amatora y’abasenateri yaranzwe mo ruswa ikomeye.
Ngwabidje yagize amajwi 38 kuri 48(79.2%) si 38 ku ijana nkuko mwabyanditse, ahubwo ni 38 kuri 48 bose batoye, umukirikiye agira 5/48(10.4%) undi 4/48(8.3%) uwa nyuma agira 1/48(2.1%). Mukosore iyi nkuru
Abatambutse nibakore igikenewe amahoro ikibazo nuko batambuka bakita kunda zabo ahokwita kubanyagihugu bazabakora ibyobijeje abantu Cg ababatoye