Perezida Joseph Kabila araza gushikiriza ijambo abatuye isi ku masaha 11 muri ONU, i New York (LIVE)…

0
155

NEW YORK, USA – None ku minsi 25/09/2018, umukuri wa Republika Iharanira Demokrasi ya Congo, Joseph Kabila araza gutanga ikiganiro kirambuye mubiro bikuru bya ONU (Assemblée générale des Nations Unies), i New York, muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika.

Perezida Joseph Kabila, imbere y’Umuryango w’abibumbye ONU i New York…

Biremezwa yuko Perezida Joseph Kabila aza guhabwa ijambo mu masaha icumi n’imwe z’umugoroba (5PM), ni mu masaha y’i New York; azaba ari amasaha ane y’ijoro (10PM) y’i Kinshasa ndetse mu masaha atanu y’ijoro (11PM) m’uburasira zuba bwa Congo.

Perezida Joseph Kabila ari mubayobozi cumi baza guhabwa ijambo munama igira i ya 73 y’umuryango w’abibubye, ONU, aho abakuru b’ibihugu bagera ku 196 bitabiriye iyi nama nkuko tubikesha n’tangaza makuru ry’uyu muryango wa  ONU, i New York.

Bimwe mubyo Perezida Joseph Kabila aza kuvugaho ni kukibazo c’umutekano migihugu ca Congo ndetse no kubijanye n’amatora ateganyijwe kuba mukwezi kwa 12 uyu mwaka. Biravugwa yuko itsinda ry’Abanyekongo batuye i New York ko ritazaba munama iteganyijwe kur’uyu w’agatanu, ku minsi 28/09/2018. Iyi nama iziga kubibazo bya Congo.

Biravugwa yuko niyinga aribwo niyinga aribwo Perezida Joseph Kabila yageze kukibuga c’indege ca John Kennedy, i New York. Akigera kukibuga c’indege Perezida Kabila yakiriwe na Léonard She Okitundu Lundula, icegera ca Minisitiri w’Ububanyi n’Amahanga.

Tubibutse yuko iyi nama y’umuryango w’abibubye yatangiye none ku minsi 25/09/2018 ariko ubuyobozi bwa leta ya Congo buvuga ko butigeze bwiyambazwa mw’itegurwa ry’iyinama.

Iyi nama izaba ifite insanganyamatsiko yo Guhindura ONU nk’ishirahamwe rya Bose, imbaraga z’isi yose zubakiye k’uruhare rwa buri wese kugira ngo uyu muryango uharanire amahoro y’abatuye isi murwego rumwe.

 

LEAVE A REPLY

Please enter your comment!
Please enter your name here