Perezida Trump ngo arashobora gutera igihugu c’Uburusiya…

0
182

WASHINGTON, DC – Mugihe bivugwa ko igihucu ca Amerika gikomeje gutungwa agatoki na leta y’Uburusiya, Perezida wa Leta Zunzu Ubumwe za Amerika, Donald Trump yatangaje ko agiye kurasa iki gihugu c’Uburusiya mu kwihora bimwe mu bitero Uburusiya ca Gas yishe abantu batari bake i Damascus niposho ku iyinga rishize.

Ibi bihugu byombi, Amerika n’Uburusiya bikomeje gutungana agatoki aho bamwe bavuga ko abandi aribo ba nyiribayazane, ariko igihugu c’Uburusiya co kivuga ko leta ya Amerika ariyo ikomeje guharara kuko ikomeza gukurikirana ibikorwa byabo byihariye.

Mu ijambo rye yanyujije k’urubuga rwa Twitter, Perezida wa Leta Zunze Ubumwe za Amerika Donald Trump yagize ati:

Igihugu c’Uburusiya ni citegure igisasu gikomeye tuzaturitsa k’ubutaka bwabo, kuko iki gisasu tuzaturitsa kizaba gifite imbara – Trump –

Ibi byose Perezida Trump yabyanditse nyuma yaho abaturage barenga 40 bakomoka mu gihugu ca Syria barimo n’abana bato bishwe n’igisasu ca Gas catewe n’igihugu c’Uburusiya.

Biravugwa ko bamwe mu ngabo z’igihugu c’Uburusiya, bavuze ko biteguye iki gisasu igihugu ca Amerika kizaturitsa mu kwishura iki gitero cagabwe muri Syria.

Nyuma y’aya magambo yavuzwe na Perezida Trump, Perezida w’igihugu c’Uburusiya, Vladi­mir Putin ntaco yigeze amusubiza namba, ariko yabwiye abanditsi n’abanyamakuru ko kuvuga kwa Perezida Trump ntaco bimutwaye keretse agaragaje ibikorwa bye aho leta y’Uburusiya izahangana na Leta Zunze Ubumwe za Amerika kugeza urugamba rurangiye.

 

 

LEAVE A REPLY

Please enter your comment!
Please enter your name here