DAR ES SALAAM, TANZANIA – Ku minsi 9/12/2017John Magufuli, umukuru w’igihugu ca Tanzania, imbere y’imbaga y’abanditsi n’abanyamakuru yavuze ko yababajwe n’urupfu rw’abasirikare ba Tanzania 14 biciwe muri Republika Iharanira Demokrasi ya Congo aho bari basanzwe baharanira amahoro.

Aba basirikare bishwe bari basanzwe bakorera muri Republika Iharanira Demokrasi ya Congo, mu rwego rwo kurinda umutekano. Bakoreraga mungabo za MONUSCO.

Tubibutse ko aba basirikare bishwe n’abarwanyi mo mumutwe wa ADF(Allied Democratic Forces) bakomoka muri Uganda.
Muri iki igitero cagabwe n’izi inyeshambaza ADF, biravugwa yuko abasirikare batanu ba Congo (FARDC) nabo bishwe n’izi inyeshamba ndetse abandi barenga mirongo itanu (56) barakomereka.

Antonio Guterres, umunyamabanga mukuru wa ONU nawe yanenze ibi bikorwa by’inyeshamba za ADF. Yavuze ko ubu ubwicanyi bwakozwe ari icaha kuko ingabo za ONU mu ntambara zija gukiza si ukurwana.
Tubibutse kandi ko uyu umubare b’aba abasirikare baopfuye aribo basirikare benshi ba ONU amahore bamaze kwicirwa muri uyu mwaka wa 2017.