Uwaserukiye MONUSCO muri Congo, David Gressly na ambasaderi wa Tanzania berekeje muntara ya Beni…

0
143

NORD-KIVU, CONGO – Ku minsi 10/12/2017 David Gressly, userukiye ONU muri Congo na ambasaderi wa Tanzania ukorera muri Congo berekeje muntara ya Beni, Kivu y’amaja ruguru. Hashize iminsi mike abasirikare ba MONUSCO bishwe n’inyeshamba za ADF zikomoka muri Uganda.

Kugeza ubu biravugwa yuko abasirikare ba MONUSCO ndetse n’aba FARDC bishize hamwe kugira ngo barwanye izi inyeshamba za ADF ziregwa kuba arizo zakoze aya mahano, nakane ku minsi 7/12/2017 zagabye igitero ku ingabo za MONUSCO zikorera mukarere ka Semuliki.

Indege ya Congo…

Tubibutse ko iki gitero caahitanye abasirikare ba MONUSCO 15, n’abandi batanu bo kuruhande rwa FARDC ndetse abagera kuri 56 nabo barakomeretse kuruhande rwa MONUSCO. Iki igitero cabereye muntara ya Beni.

Nyuma y’iki gitero biravugwa yuko izi inyeshamba za ADF zahungiye kuri 10 kilometres ahegereye ibyicaro byazo bikuru, ni muntara ya Medina.

LEAVE A REPLY

Please enter your comment!
Please enter your name here