Repubulika Iharanira Demokarasi ya Congo yahamagaje ambasaderi wayo muri Libiya…

0
170

KINSHASA, CONGO – Igihugu ca Rpubulika iharanira demokarasi ya congo kimaze gutangazakao kuri uyu wakabiri ku minsi 21/11/2017, cahamagaje ambasadri waco muri Libiya nyuma yaho bigaragariyeko iki gihugu kiriko gikorerwamo ubudandaza  bw’abantu.

Leta ya Kinshasa ishaka kumenya niba koko muri Libiya abantu bakomeje kudandazwa ndetse ikaba yanakurayo abantu bayo basanzwe bahatuye.

Léonard She Okitundu, minisitiri w’intebe wunjirije ushinze ububanyi n’mahanga wa RDC.

Ibi bikaba byatangajwe mw’ijor ry’akeye na Léonard She Okitundu, minisitiri wa Congo ushinzwe ububanyi n’amahanga.

Minisitiri Okitundu yavuzeko yifuzako ikibazo c’abimukira caba ku rutonde rw’ibibazo bizigwa mu nama ihuza Afrika n’ubumwe bw’ibihugu by’uburayi izabera Abidjan ku mpera za kuno kwezi kwa 11.

Tubibutseko Burkina Faso na Niger nabyo byahamagaje aba ambasaderi babyo muri Libiya nyuma yo kumenyako hari ubudandaza bwa’abantu.

LEAVE A REPLY

Please enter your comment!
Please enter your name here