KINSHASA, CONGO – Igihugu ca Rpubulika iharanira demokarasi ya congo kimaze gutangazakao kuri uyu wakabiri ku minsi 21/11/2017, cahamagaje ambasadri waco muri Libiya nyuma yaho bigaragariyeko iki gihugu kiriko gikorerwamo ubudandaza bw’abantu.
Leta ya Kinshasa ishaka kumenya niba koko muri Libiya abantu bakomeje kudandazwa ndetse ikaba yanakurayo abantu bayo basanzwe bahatuye.

Ibi bikaba byatangajwe mw’ijor ry’akeye na Léonard She Okitundu, minisitiri wa Congo ushinzwe ububanyi n’amahanga.
Minisitiri Okitundu yavuzeko yifuzako ikibazo c’abimukira caba ku rutonde rw’ibibazo bizigwa mu nama ihuza Afrika n’ubumwe bw’ibihugu by’uburayi izabera Abidjan ku mpera za kuno kwezi kwa 11.
Tubibutseko Burkina Faso na Niger nabyo byahamagaje aba ambasaderi babyo muri Libiya nyuma yo kumenyako hari ubudandaza bwa’abantu.