Salomon Gitambara, ukorera Google avuye kwiga icakorwa mu Minembwe mu rwego rwikoranabuhanga…

0
213
Engineer Gitambara Salomon ubwo yasezeraga Minembwe

MINEMBWE, RDCONGO –   Mu gihe abantu benshi bibaza ico bakorera akarere bakomokamo cane cane kubatuye hanze y’igihugu, bamwe batanga isababu nyinshi zitandukanye zirimo cane ikibazo c’umutekano kivugwa hariya, abandi bakavugako barinzeko harico leta ikora bityo bakayunganira.

Nyamara ugiye kureba usanga bamwe nabo bavugako izo sababu zose zitakagombye kubuza abakorera akarere kiwabo bakora doreko hari abantu bamwe nabamwe bahakorera ibikorwa byindashikirwa nka UGEAFI, EBENEZ-EZER nabandi bikorera.

Salomon Gitambara utuye muri Amerika akaba kavukire wo mu Minembwe, numwe mu banyamulenge bafite ubumenyi mw’ikoranabuhanga doreko akorera Google imwe muma companyi azwi cane ko yateye imbere mw’ikoranabuhanga.

Mu ruzindiko yaramazemo iminsi ingana niyinga rimwe mu Minembwe, Saomon arasaba abantu bose bitwako bavuka kariya karere kugira ico bakora bahereye ku bushobozi buhari, akimara kugera ku kibuga c’indege ca Minembwe Salomon yabwiye itangazamkuru ko aje kwiga ico yafasha abatuye hariya doreko kubyiga ari kure yaho byagiye bimugora bityo akaba yarahisemo kwigererayo.

Engenier Gitambara Salomon , washoje isafari ye yagiriraga i muhira kuri kano kane ku minsi 28/12/2017, yabwiye Imurenge.com ko avuye kwiga ibibazo biri hariya bityo akaba agiye kumenya ico yakora numusanzu we mu kuhubaka mu nzego zitandukanye, arasaba kandi Dispora gutekereza ico bakora kandi asanga nta sababu nimwe yatuma badakorera i muhira.

Kwikubutiro Engineer Gitambara yasanze ikibazo c’uburezi mu karere, avugako yasize akanguriye abanafunzi kwiga ibijanye n’ubumenyi(Sciences) bizatuma babasha guhangana n’abandi ndetse bikazafasha mwiterambere ry’akarere, yavuze kandiko yamaze kwiga umushinga wisomero (Library) rishobora gukora mu buryo bw’ikoranabuhanga( On line Library) bikazatuma abanafunzi bahariya bashobora kuzaja basoma ibitabo biri muri Amerika, Uburayi na Canada.

Gitambara kandi yabwiye Imurenge.com ko yasanze ikibazo cabana bimpfubyi benshi badafite uburyo babaho, asanga Diaspora igomba gutekereza kuri aba bana doreko yavuzeko aribo barimo akazoza kigihugu n’akarere, arasaba ndetse nuwaba afite idorai 1 ryagira ico rifasha aba bana.

Tumubajije uburyo yasanze akarere kameze , Engineer Gitambara yavuzeko hari icakozwe cane co gushimirwa, aha yavugaga uburyo ishusho ya Minembwe imeze ndetse n’abaturage asanga barajijutse kuburyo bushimishije, ibi ngo kaba aribyo bitanga icizere ndetse buri wese akagira uruhare rwo gukomeza guhesha akarere ishema .

Tubibutseko bwana Salomon Gitambara atuye muri Amerika mu ntara ya California aho akorera companyi ya Google izwi cane mw’ikoranabuhanga rihanitse.

Yize amasomo ya kaminuza mu mashamyi yikoranabuihanga (Computer Engineering).

 

LEAVE A REPLY

Please enter your comment!
Please enter your name here