Ubumwe bwa Afrika bugiye gutahukana abaheze muri Libya…

0
137

TRIPOLI, LIBYA – Umuryango w’ubumwe bw’Afurika (AU), watangaje ko mbere yuko uyu umwaka wa 2017 urangira, impunzi zigera 15,000 ziri muri Libya zizaba zamaze gusubira iyo zavuye.

Tubibutse yuko iki cemezo cafashwe nyuma yuko amakuru avuga ko igihugu ca Libya kigurisha abimukira b’Abanyafurika nk’abacakara k’umugabane w’Uburayi.

Umwe mu bayobozi bakuru ba AU, Kwesi Quartey, yavuze ko Abanyafurika bagera 20,000 aribo bafungiwe mu bigo bya leta ya Libya.

Abantu bagurishwa…

Bimwe mi ibihugu birimo Nigeriya byatangiye gutahukana abimukira bari baheze muri Libya..

Libya nico gihugu kizwiho inzira aba abimukira bacamo berekeza Iburayi.

LEAVE A REPLY

Please enter your comment!
Please enter your name here