MISISI, SUD-KIVU – Ku minsi 09/10/2018 amakuru atugera avuga k’urupfu rw’umwe mu bakora akazi ko kwimba inoro wahasize ubuzima mugihe abandi barenga 20 barengewe n’ubutaka. Biravugwa ko iyi mpanuka yabaye n’iposho rishize ku minsi 06/10/2018; iyi mpanuka yabereye aho aba baturage bakunze kwimba inoro, i Misisi aha ni muri territoire y’a Fizi.

Nkuko tubikesha bamwe mu bantu bahibereye, bavuga yuko iyi mpanuka yabaye mu masaha y’ijoro ubwo abimbyi binoro bari mukazi kabo basanzwe bakora; iyo mpanuka yabereye mu kinombe barimo gucukura aya mabuye y’agaciro.
Amakuru aturuka murako gace aremezako nyuma y’iyi mpanuka, abantu batabaye kugira ngo baramire aba bari bakundukiwe n’iki ki gitaka (umusozi), Nyuma yo gutabara umwe kera yari yamaze gusezera isi muburyo basanze kera yamaze gucikana. Nyuma yo kugerageza biranavugwa kandi ko hariho abandi benshi barengewe n’ubutaka batabashije gukuramo bityo ngo aba baturage bakaba basaba ubutabazi.
Nyuma y’iyi mpanuka habaye imyigaragambyo yateguwe n’abimbyi binoro. Muri iyi myigaragambyo, umwe mu nsore sore zigaragambyaga yahasize ubuzima nyuma yo kuraswa n’umusirikare wo mungabo za FARDC. Biravugwa yuko uyu yarashwe nyuma yo gushaka kugerageza kwaka uyu musirikare imbunda bityo bikaba bivugwa yuko uyu musirikare yarashe uyu musore murwego rwo gushaka kwirengera ari nayo mpamvu yatumye amurasa; biravugwa yuko ibi byateye uruhagarara mu muhana wa Misisi.
Tubibutse yuko impanuka nk’izi bivugwa yuko ari ninshi kubantu bacukura aya mabuye y’agaciro hirya no hino mugihugu cane cane mubihe nk’ibi by’imvura. Mugihe izi mpanuka zibaye biremezwa yuko benshi bakunze kuhatakariza ubuzima mugihe bakundukiwe n’ubutaka.