Nyuma yo kwishurwa amafaranga abantu 2 bari baburiwe irengero barekuwe n’abari babafashe…

0
138

BIJOMBO, SUD-KIVU – Nyuma yaho inkuru yasakaye ivuga yuko abasore babiri bashitswe n’abantu bitwaje imbunda, kuri none biravugwa yuko aba basore bombi barekuwe nyuma yaho imiryango yabo yishuye amafaranga agera ku amadorari ($1000 y’amanyamerika). Aba basore bombi bari bashimutswe n’abakekwa kuba ariba inyeshamba za Mai Mai n’agatatu k’iyinga rishize, ku minsi 03/10/2018; bakaba baratashe mungo zabo n’iposho ku minsi 06/10/2018 nyuma yo kuriha aya mafaranga twavuze haruguru.

Nkuko tubikesha umwe mu miryango y’aba basore bari bashitswe avuga yuko aba basore bari bazize icaha co gukorana ndetse no kugaburira n’imitwe y’inyeshamba z’Abarundi zibarizwa muri aka karere ka Bijombo.

Biravugwa yuko nyuma yo gufatwa kw’aba basore aba bajanye bahise basaba amafaranga imiryango y’aba basore aho babasabye gutanga inka 3 n’amafaranga angana ama dollars 1.000 y’amanyamerika ($1.000) kugira ngo barekurwe.

Yakobo Musababu na Tundwa Kajange, bari batwawe n’abantu batabashije kumenyekana bikekwa ko ari bamwe mu nyeshamba za Mai Mai zashatse kunyaga iyi miryango biciye mu gufata aba basore.

 

LEAVE A REPLY

Please enter your comment!
Please enter your name here