Yashatse kugaba igitero c’ubwiyahuzi i New York arakomereka…

0
180

NEW YORK, AMERIKA – Ku minsi 11/12/2017 umwiyahuzi yashatse guturitsa igisasu hafi y’aho abagenzi bafatira imodoka ya Train (Subway) mumuji wa New York, muri Amerika arikomereketsa ndetse akomeretsa n’abagenzi batambuka batatu.

Umukuru wa New York, Bill de Blasio, yavuze ko ikigitero ari ic’umwiyahuzi wahatswe guhitana abagenzi mumasaha ya mugitondo (7:20a.m), amasaha abantu benshi baja mutuzi.

Akayed Ullah washatse guhitana abagenzi i New York…

Akimara guturitsa ico gisasu, ntiyagiriwe amahirwe kuko abashinzwe umutekano bahise bamufata kuko yahise akomereka.

Akayed Ullah, washatse kwituritsa ni umusore w’imyaka 27 ukomoka muri Bangladesh, akaba amaze imyaka irindwi (7 years) yimukiye kubutaka bwa Leta Zunze Ubumwe za Amerika.

Akayed Ullah yafashwe na Police i New York…

Tubibutse ko Akayed Ullah ubu ari mumaboko ya police kuko igisasu yari yambaye camutwice ibice byo munda.

James P. O’Neill, umukuru wa Police ya New York (NYPD) yavuze ko Akayed Ullah ariwe wikoreye iki gisasu.

LEAVE A REPLY

Please enter your comment!
Please enter your name here