TANZANIA, AFRIKA – Ku minsi 11/12/2017 imirambo y’abasirikare 14 ba MONUSCO biciwe muri Republika Iharanira Demokrasi ya Congo yatahukanwe muri Tanzaniya.
Jean-Pierre Lacroix, waserukiye ONU yatangaje ko nakane azerekeza mumuji wa Goma kugira ngo abashe gukurikirana umutekano w’abasirikare ba ONU, bakomoka muri Tanzania bahakorera.

Nkuko tubikesha ikinyamakuru VOA, Lacroix yatangaje ko azifatanya n’abandi bayobozi bakorera mumuji wa Goma mu muhango wo kwibuka abo basirikare baguye k’urugamba. Yavuze ko azosura n’inkomeri zakomerekeye muri iki igitero cagabwe n’inyeshamba za ADF zikomoka muri Uganda.
Tubibutse ko abasirikare 15 aribo bishwe muri ico gitero, abandi 53 barakomereka. Andi makuru yemejwe n’ibinyamakuru byo muri Tanzania avuga ko hari abasirikare babiri (2) bafashwe amateka n’izi inyeshamba za ADF; ibi binyamakuru kandi bivuga yuko hataramenyekana irengero ryabo basirikare babiri.
TEGERA VOA: