MINEMBWE, SUD KIVU:- Nta Moto nimwe yagaragaye itwara abantu mu karere ka Minembwe uyu munsi w’Agatanu, iminsi 24/01/2020.
Aha ni nyuma y’imyigaragambyo abatwara za moto bakoze nyuma yaho ibarabara riva mu Madegu werekeza ku Kiziba ryakunduwe n’imodoka nini za MONUSCO. Biravugwa yuko izi modoka zakunduye iri barabara mugihe c’ingenzi zitandukanye aho zikunze kuja ku kiwwanja c’indege ca Kiziba zija gutega indege zabo.
Nyuma yo kumenya aya makuru yuko aba batwara za moto ko bahagaritse akazi kabo, urubuga http://www.imurenge.com twaganiriye n’umuyobozi w’iri ishirahamwe ryaba batwara za moto, Mudagiri Muhembuzi Alexis yatubwiye yuko bafashe iki cemezo uyu munsi w’ Agatanu nyuma y’iminsi myinshi biyambaza abayobozi b’akarere ariko ntihagira ico bakora ku bijanye no gusana amabarabara yakunduwe n’imodoka.
Mudagiri akaba yavuze yuko iki kibazo camaze kugezwa ku bayobozi ba komine ya Minembwe kandi babijeje kugikurikirana ariko ko batigeze bagikemura.
Turabibutsa ko uyu munsi w’ Agatanu ariwo munsi isoko y’abadandaza batandukanye irema mu Minembwe, ahaherereye ku Kiziba. Tubibutse kandi yuko izi za moto zifasha abaturage n’abacuruzi gushitsa ibicuruzwa byabo muri iyi soko isigaye arimwe rukumbi irema mu Minembwe.
Mana yimurenge wewe wabanye nabasogokuruza mubihe byakera nanubu urengere ubwoko bwawe wamanawe urumunyembaraga ntacutakora ngogishoboke