Tuzorwana kugeza k’umutonyi wanyuma w’amaraso, Col Makanika

4
425

UVIRA, SUD KIVU:- “Muhumure, nta mpamvu yo kuva mu gihugu, tuzorwana kugeza k’umutonyi wanyuma w’amaraso, ariko kugeza tubonye uburenganzira bw’abaturage n’umutekano wabo.” Aya rero n’amwe mu majambo yavuzwe na Col Rukunda Michel ubwo yaganiraga n’umunyamakuru wa http://www.imurenge.com mu Minembwe.

Ukwezi ko kuraja kwenera Col Michel Rukunda wa menyekanye kw’izina rya gisoda nka Makanika yikuye mu ngabo za FARDC, uyu musoda avuga ko yavuye mu gisoda kuja kurengera ababyeyi babo bamaze iminsi bibasirwa n’imitwe yitwaje ibirwanisho. Yagize ati” Nimba turi muri leta tuyirimo kubera ko tugira ababyeyi, tugira iwacu, ababyeyi bacu batagihari, iwacu harashize, tuba turimo [muri FARDC] dukora iki?”

Kuva k’umunsi w’akabiri w’iri yinga amakuru yakomeje acicikana ku mbuga nkoranyambaga ko mu karere ka Itombwe hoba harimo ingabo za Makanika, yadutangarije ko nta ngabo ze ziri mur’ako karere, anongeraho ko ingabo ze zahageze abantu bobona impinduka.

Umunyamakuru yakomeje amubaza nimba nta bufatanye na buke yaba afitanye na Gen Sultani Makenga wahoze ayoboye umutwe wa M23, nkuko byakomeje bihwihwiswa, maze aradutsembera ko ntawe barikumwe, ndetse anavuga ko abazana ibyo bihuha arabantu baba bashaka kurema ibindi bintu mu mitwe y’abaturage.

Kanda hano hasi maze utegere ikiganiro cose yagiranye na Byiringiro Faustin, umuyamakuru wa http://www.imurenge.com uri mu Minembwe

Col Makanika yinjiye ishamba nyuma yaho akarere k’imisozi miremire ya Fizi, Mwenga, ndetse na Uvira gakomeje kuba indiri yimitwe yitwara gisoda ikomoka mu Rwanda ndetse n’Uburundi. Umuryango mpuzamahanga ushinzwe gukumira amakimbirane kw’isi uzwi nka ICG uratanga impuruza ko hashobora kuba intambara mu karere k’uburasire bwa DR Congo bitewe n’imitwe irwanira inyungu z’ibindi bihugu.

Col Rukundaa Makanika yinjiye ishamba mu gihe hari abandi basoda b’Abanyecongo benshi bagiye binjira ishamba gusa nta mahoro arambye byigeze bitanga. Igisoda ca FARDC gishinjwa n’abaturage kugenda biguruntege mu kurangiza ikibazo kiri m’uburasirazuba bga Congo.  Zimwe m ntumwa za rubanda k’urwego rw’intara ya kivu y’amajepfo zikomeje gusaba igisoda ca FARDC ko carwanya civuye inyuma aba basoda bakomeje kukivamo maze bakayoboka imitwe yitwara gisoda.

 

4 COMMENTS

  1. Muzamugira meza canee kumakuru muzamutugezaho, gusa icyo nunva twahagurukira Nuko twatinyuka tukamagana urwanda kumugaragaro nkuko nirwo tuduteje ibibazo byose , ikindi dukomeje gushigikira intwari yacu makanika

  2. Ikintu nzi kiranga aba nyamulenge nuko bashira Imbere Imana muvyo baganira vyose .Jewe ntakintu kirekire nobivugako guko umuntu abaho kubugombe bw’Imana .Icifuzo nuko mwobana hafi mukumva k muri umwe mwese hama mugafashanya Imana izobazigama nimwagira ubucuti .Nkarangiza mvuga k ata muntu yigeze yiyumvira kurandura ubwoko cank abantu ngo abishobore.Mukomeze kwihangana buzoca

LEAVE A REPLY

Please enter your comment!
Please enter your name here