BENI, CONGO – N’iyinga ku minsi 11/11/2018 amakuru dukesha urubuga Okapi avuga yuko ejo umuntu umwe yishwe mugihe abandi bane baburiwe irengero; mugitero cagabwe n’inyeshamba za Allied Democratic Forces (ADF), inyeshamba zikomoka mugihugu ca Uganda. Iki gitero bivugwa yuko cari gifite intego yo kwiba ndetse no gusahur abaturage bo mumuji wa Beni.
Tubibutse yuko hari k’umunsi w’ejo n’iposho ubwo izi nyeshamba zasahuraga, kwica ndetse zikanashimuta baturage bane. Iki gitero cabereye ahitwa Boikene, ni muri distiki ibarizwa mukarere ka Beni, aha ni muntara ya Kivu y’amajya ruguru (Nord Kivu).
Nkuko bitangazwa n’uhagarariye umutekano mukarere ka Beni, avuga ko uyu wahasize ubuzima ari umubyeyi w’abana babiri nabo baburiwe irengero. Aba bana bashimutswe nyuma y’aho nyina yishwe n’izi nyeshamba. Amazu abiri ndetse n’imodoka imwe nabyo byatwitswe n’izi nyeshamba ndetse baza no gutwara abandi bantu babiri hamwe n’ihene (ibitungwa), umubare wazo ukaba utabashije kumenyekana.
Nyuma y’iki gitero, sosiyete ivuganira abaturage mumuji wa Beni (societe civile) iratabariza byihuse ingabo za leta ya Congo hamwe na MONUSCO kugira ico ikoze kugira ngo aba bakoze aya mahano bazashikirizwe ubutunga kugira ngo baryozwe amabi bakoze.
Uhagarariye iyi sosiyete ivuganira abaturage, Kizito Bin Hangi akaba yakomeje gusaba ingabo za leta hamwe na MONUSCO ko hakorwa ibishoboka byose kugira ngo umutekano wongere ugaruke mukarere hose. Yakomeje kandi avuga ko kuri none umutekano udahagije kuko ngo batewe ubwoba n’ibi bikorwa bibi bikorwa n’izi nyeshamba umunsi k’uwundi.
Tubibutse yuko muri kino mugitondo, n’iyinga ku minsi 11/11/2018 inyeshamba za Mai Mai nazo zateye ikambi ya gisirikare FARDC ibarizwa i Paida. Nubwo izi nyeshamba zateye, ariko biravugwa yuko ingabo za leta zahise zirukana izi nyeshamba; izi nyeshamba zikaba zasubiye mubirindiro zabyo, aho zaje zituruka.