Bijabo: Ingabo za FARDC zagiye kurasa inyeshamba za General Yakutumba, mu Bijabo.

0
155

BIJABO, SUD KIVU – Mu gitondo co kur’aka Kabiri, ku minsi 06/11/2018 abaturage batuye mu Kamombo bavugako bazindutse babona amagana y’abasoda ba FARDC bayobowe na Colonel Kizungu berekeza mu Bijabo, ahakekwa kuba ariho Generale Yakutumba yahungiye iwe n’abasirikare be bagera kuri 140.

Umwe mur’abo baturage batuye mu Kamombo waganiriye n’ingabo za FARDC yavuze Ko za mubwiye Ko zikurikiranye Yakutumba aho yihishe kuri Mutara hafi y’ikibira caa Bijabo kiri muri segiteri ya Tanganyika Groupement ya Balala Nord, Territoire ya Fizi.

Yagize ati: “abasirikare batubwiye Ko bagiye kurasa Yakutumba kugeza bamufashe cangwa akava muri Congo”. Uyu muturage akomeza avuga ko abasirikare barenga magana atanu batambutse Kamombo bamwe bari bavuye mu Gipupu, Gitasha, ndetse ko hari indi batayo yabugenewe itegerejwe kuka kurasa Yakutumba iza guturaka mu Minembwe.

Izi ngabo za FARDC zigiye kurasira Generale Yakutumba mu Bijabo ahakekwa kuba ibirindiro b’inyeshyamba za Gumino ndetse n’ingabo zikekwa kuba zirwanya ubutegetsi bg’URwanda. Ibi bibaye mu gihe izi nyeshamba zimaze igihe c’amazi agera kur’abari zivuye mu bijabo zerekeza mw’ishamba rya Ndobo.

Imitwe y’itwaje imbunda muri aka karere k’imisozi miremire yatumye ibihumbi by’abaturage bihunga aka karere kubera intambara zaburimunsi zigenda zumvikana.

Tubibutse ko mu maja ruguru y’akarere k’imisozi mire mire aho bakunze kwita i Gahororo hari inyeshamba z’Abarundi zitwa Red Tabara, umutwe w’inyeshamba abaturage badahwemye kwemeza ko ukorana bugufi na Leta y’Urwanda gusa amakuru agoye kwemeza. M’uburasirazuba bg’aka karere aho bita Bijabo na Ndobo hari Gumino, Yakutumba ndetse n’ingabo z’irwanya ubutegetsi bg’Ikigali, mu gihe mu majepfo y’aka karere aho bakuze kwita i Lulenge hari Mai Mai Mulumba.

 

LEAVE A REPLY

Please enter your comment!
Please enter your name here