BUKAVU, SUD-KIVU – Ku minsi 08/11/2018 amakuru dukesha urubuga Okapi avuga yuko muntara ya Kivu y’amajy’epfo hari icegeranyo catanzwe n’ishirahamwe rishinzwe kurengere ikiremwa muntu, La Synergie des associations des jeunes pour l’éducation civique, électorale et la promotion des droits de l’homme (SAJECEK). Iki cegeranyo kivuga yuko abantu bagera kuri 23 aribo bishwe mukwezi kwa cumi gushize, uyu mwaka.
Nkuko iri shirahamwe ribyemeza, ryatangaje yuko n’amazu agera kuri 76 ariyo yasahuwe n’aba bakoze aya mahano. Muri uru rutonde rwatanzwe biravugwa kandi yuko abantu 9 muri aba tumaze kuvuga haruguru aribo baguye mumuji wa Bukavu ndetse n’amazu 13 akaba yarasahuwe.
Muri territoire ya Kabare ndetse n’umuji wa Uvira ho havugwa abantu 5 bishwe ndetse n’amazu 4 akaba yarasahuwe n’abandi bantu bitwaje imbunda. Dusubiye kubivugwa mumuji wa Uvira, biravugwa yuko abandi bantu 5 nabo bashimutswe n’abantu bitwaje imbunda kugeza n’ubu aba bakaba baraburiwe irengero.
Nkuko iki kinyamakuru gikomeje kubivuga, biremezwa yuko nyuma yo gutanga uru rutonde rw’amabi akomeje gukorerwa abaturage, ishirahamwe SAJECEK risaba leta ya Congo kugira ico ikore ibishoboka kugira ngo ubuzima bw’abaturage burindwe. Dore yuko hasigaye ukwezi kumwe gusa kugira ngo amatora akorerwa mugihugu hose.