YEI RIVER, SUDANI – Niposho ku minsi 6/1/2018 haravugwa abantu batari bake ko bapfuye inyuma y’aho abasirikare ba leta ya Sudani y’amaj’epfo barwaniye n’inyeshamba zirwanya ubu butegetsi zibarizwa muntara Yei River.
Ibi byose byabaye nyuma y’amayinga abiri izi mpande zombi zihagarikitse amasezerano yo guhagarika intambara.
Tubibutse muri rino yinga, igihugu c’Ubwongereza, Norvege ndetse na Reta Zunze Ubumwe za Amerika, byahujije izi mpande zombi bibasaba kugirana ibiganiro byo guhagarika intambara.

Aya masezerano yo guhagarika iintambara yabereye i Addis Abeba, umurwamukuru w’igihugu ca Ethiopia ku minsi 21/12/2017.

Biravugwa ko iyi ntambara yabereye muntara ya Yei River yari hagati y’ingabo za leta ya Sudani y’amaj’epfo n’inyeshamba zishigikiye Riek Machar wahoze ari icegera ca Perezida Salva Kiir Mayardit.