Kabila ashigikiye calendari y’amatora ateganyijwe mu mpera z’uyu mwaka w’i 2018…

0
99

KINSHASA, CONGO – Perezida Joseph Kabila mw’itangazo risha yasohoye uyu munsi imbere y’abanditsi n’abanyamakuru, yavuze ko ntakabuza ashigikiye amasezerano ku amatora atunganywa mu mpera z’uyu umwaka w’i 2018.

Perezida Joseph kabila…

Imbere y’imbaga y’abantu bari bitabiriye inama y’abanditsi nabanyamakuru, yatunze agatoki bimwe mu bihugu byo mu mahanga ndetse n’abayobozi b’idini rya Gatolika.

Perezida Joseph Kabila yavuze ko ONU, umuryango mpuzamahanga atariwo ushinzwe gutunganya amatora muri Congo. Yashimangiye cane kumpamvu amahanga ndetse na bamwe mu banyagihugu ba Congo bakomeza kwiyambaza ONU, yavuze kando ko iki atari igihe c’intwaro y’ubukoroni.

Mu ijambo ryakomeje kugarukwa ho, Perezida yavuze ko abakanguriye abayoboke b’idini rya Gatolika gukora imyigaragambyo bagiye gukurikiranwa na leta ya Congo.

Haciye imyaka irenga itanu, ubwo Perezida Kabila aheruka gukoresha inama n’abanditsi ndetse n’abanyamakuru, ariko nyuma y’iyi nama yabaye Perezida Kabila yemeye ko ari ntakabuza amatora azaba muri uyu mwaka w’i 2018 nkuko byemejwe na CENI (Akanama gashinzwe amatora muri Congo).

 

 

LEAVE A REPLY

Please enter your comment!
Please enter your name here