Kwakira candidatures za BGNYL birarangira ku munsi wejo……

1
32

PRETORIA, RSA – Dushingiye kw’itangazo ryanyuze hano kuri Imurenge.com ku minsi 25/12/2017, ryasabaga urubyiruko kwibumbira mw’ishirahamwe ryiswe BGNYL, ndetse abumva bafite ubushake n’ubushobozi bagahabwa imyanya yo kuyobora abandi.

Ubuyobozi bwa BGN(Banyamulenge Global Network), burongera kwibutsa abantu bose ko umunsi ntarengwa wo gutanga ubusabe(candidatures) ari ejo Nagatatu ku minsi 10/1/2018, ubuyobozi bwa BGN bukaba buvugako bwongeye guha mahirwe abatarabonye itangazo rya mbere ndetse n’abandi bakibikeneye gutanga Motivational letter ndetse na CV byabo kuri bgn.bgnyl@gmail.com bitarenze italiki yavuzwe hejuru.

Mw’itangazo ryahawe imurenge.com , ryashizweho umukono na Cleophas Nganire, umuhuzabikorwa wa BGN , rirashimira cane abamaze gutanga canditatures zabo ndetse akaba avugako abazaba barushije abandi ibigwi bazatangazwa mwiyinga rimwe ririmbere.

 

1 COMMENT

LEAVE A REPLY

Please enter your comment!
Please enter your name here