Twese turi hamwe ntaco tunanira, amwe mu magambo yavuzwe ubgo hatangwa igikombe citiriwe bwana Byabagabo, Minembwe

0
131

Umugwi wa Materdei niwe wegukanye igikimbe citiriwe Byabagabo cup 2018 mu minembwe. Kur’uyu munsi w’Iyinga niho habaye umukino wanyuma w’iki gikombe cararaye gihuje umugwi wa Materdei nuwa New star Hebaheba maze birangira Materdi icegukanye ku ntsinzi ya 2-1.

kapiteni wa Materdei ashikira igikombe

Uyu mukino witabiriwe n’imbaga y’abantu benshi cane. Abashitsi bakuru bari bitabiriye aka kabumbu k’amaguru, bamwe muribo ni nabo bateguye iri rushanwa, barimwo padiri Mutware phillemon kuva m’Ubufaransa ndetse na Dr kigabo mbazumutima modeste. Sabo gusa kuko hari hitabiriye nundi mushitsi,Bwana Eciba Mboko, uwahioze ari Minisitiri w’intwaro yo hagati mu ntara ya Kivu y’amajepfo ndetse na Chef Gad Nzabinesha.

Umunyamakuru wa Imurenge.com ukorera mu karere ka Minembwe yegereye aba bagabo bombi bamubwira intego yabo mur’aka karere ari uguharanira amahoro arambye.

Padiri Mutware yavuzeko intego yabo yariyo kuza kwibuka se kandi cane cane no gutanga ubutumwa bw’amahoro mu karere k’imisozi miremire ya minembwe cane cane ko mur’iki gikombe harimwo abasore b’amoko atandukanye,kur’ ubgo abantu bagomba kunva ko amacakubiri n’imyiryane ntaco bimaze. Yakomeje avuga ko bar’inyuma y’urubyiruko kugirango barushigikire mu rwego rw’imikino cane cane ko bizana ubusabane hagati y’amoko.

Aba nibo bateguye iki gikombe

Mu magambo akomeye Dr kigabo yashimiye abantu bose bari bitabiriye ibyo birori maze avugako abantu bose bakwiye guhagurikira hamwe kubg’itezambere rya karere kacu. Ati” twese duhuje tur’umwe ntacyo tunanira”. Dr Kigabo yasabye abantu bose gutera inkunga inyubako za sitade anashimira uruhare rwaburi muntu wagize ico akora kur’ico gikorwa c’inyubako.

Turabibutsa ko mbere yuko akabumbu gatangira abari bitabiriye babanje gufata umwanya wo kwibuka nyakwigendera witiriwe ico gikombe bwana Byabgabagabo.

Chef Gad ubgo yatangaga igikombe
Abashitsi bakuru ari nabo bateguye iki gikombe

LEAVE A REPLY

Please enter your comment!
Please enter your name here