KAMPALA, UGANDA – Niposho ku minsi 26/05/2018 mu gihugu ca Uganda haravugwa urupfu rw’abantu 22 baguye mu mpanuka ya Bus, abandi 26 nabo bakomeretse bakaba bari kuvurirwa kwa muganga nkuko byatangajwe n’umwe mu bantu batabaye mbere. Iyi modoka yari itwaye abagenze baja muntara zitandukanye muri Uganda, yakoze impanuka igeze ahitwa Kiryandongo.
Biravugwa yuko iyi modoka yagonganye n’indi modoka nini, yo mu bwoko bwa camion nkuko umuvugizi w’igipolisi Emilian Kayima yabitangaje.
Muri aba bitabye Imana biravugwa ko hari mo abana 16 bari kumwe n’ababyeyi babo, birakekwe ko benshi muri aba bana ari abanafunzi bari batashe bagiye mubiruhuko kuko ubu amasomo afunze.
Iyi mpanuka yabaye mu ijoro ryakeye, hari ku gihe c’isaha zibiri n’igice za nijoro (8:30PM) ubwo izi modoka zombi zagonganye. Iyi bisi yari ivuye ahitwa Lira yerekeje mu muji wa Kampala, umurwa mukuru w’igihugu ca Uganda; yaje kugonga iyi camion iyiturutse imbere, biravugwa ko iyi bisi yarifite umuvuduko utari muke ari nayo mpamvu yoba yarateje iyi mpanuka.
Bimwe mu binyamakuru byo mu gihugu ca Uganda bivuga yuko abantu barenga 9,500 aribo bishwe n’impanuka z’ama modoka hagati y’umwaka wa 2015 na 2017. Ibi byatangajwe na ministere ishinzwe uruja n’uruza rw’abagenzi muri Uganda.
Ibi kandi bikaba byemezwa na benshi mu gihugu ko leta idahana abadakurikiza amategeko bityo ugasanga ari nayo mpamvu abatwara abagenzi bakora ibyo bishakiye nyuma bikaza no kubavira mo kuhasiga ubuzima ndetse n’ubw’abagenzi batwaye.