MWANZA, TANZANIA – Ku minsi 19/01/2018 mu gihugu ca Tanzania, ahitwa Mwanza haravugwa amakuru y’umuntu umwe wapfuye inyuma yaho yagonzwe n’indege ubwo yari ihagurutse ku kibuga ca Mwanza.
Umuvugizi wa Police i Mwanza yavuze ko iyi mpanuka yabaye mw’ijoro ry’ejo nagatatu, isaha zitatu ku minsi 17/01/2018. Yavuze kandi ko inyuma yaho iyi ndege ihagurukiye, uyu mudereva wari uyitwaye yahise abimenyesha abashinzwe kugenzura uruja n’uruza rw’indege bari bicaye hejuru mu munara ku kibuga c’indege.

Richard Mayongela, icegera c’umukuru w’ishirahamwe rigenzura ibibuga by’indege muri Tanzania, yemeje iyi mpanuka koko yabaye. Bwana Richard yabwiye yabwiye abanditsi n’abanyamakuru uko byagenze.
Nubwo iyi ndege yagonze uyu muntu tutaramenya amazina ye, dukurikije amategeko, biravugwa ko umuntu cangwese ikintu cose kiri mu nzira y’indege ziguruka niwe uba uri mu makosa.
Tubibutse ko bivugwa ko ubu abakozi 15 bo muri Tanzania bamaze gushikirizwa police Kandi kugeza n’ubu nti turamenya ibijanye n’urupfu ry’uyu muntu wagonzwe n’indege, ariko biravugwa ko Police ya Tanzania yatangiye gukora iperereza kuri iyi mpanuka.