NAIROBI, KENYA – Ku minsi 04/03/2018 umunsi abntu benshi bazinduka baja kuramya ndetse no guhimbaza Imana, bahuye n’uruja gusenya ubwo imodoka zirindwi zagonganye ahitwa Naivasha abantu batatu bakahasiga ubuzima.
Nkuko byatangajwe na Police ishinzwe kurinda umutekano ndetse ari nayo yatabaye ikajana abakomeretse kwa muganga, abantu babiri bahise bagwa aho kuko abatabazi basanze kera bo bacikanye. Abahibereye kandi bavuga ko iyi mpanuka yabereye Naivasha yabaye mugihe imodoka zitwara abantu zizwi ku izina rya Matatu zagonganye cane muburyo undi muntu umwe yaje gupfa nyuma yo kugezwa kwa muganga.
Andi makuru dukesha ikinyamakuru standardmedia.co.ke, gikorera muri Kenya avuga ko abantu icenda nabo basizwe ari indembe kandi bababaye bya cane mugihe abo batatu bo byemejwe ko kera bitabye Imana.
Nkuko ibi binyamakuru byemeza, biravugwa ko amabarabara yo mumuji wa Kenya cane cane ibirabara rya Nakuru ariryo rikunze kubamo impanuka nyinshi z’imodoka. Ibi kandi bikaba byemezwa ko mu kwezi kwa 12 mu mwaka ushize wa 2017 muri iri barabara rya Nakuru nyine ryabereye mo impanuka yahitanye abantu bashika kuri 30.