Intambara yongeye kwaduka mumuji wa Beni….

0
173
Abasirikare ba Leta ya Congo, aho barasana n’inyeshamba za ADF.

BENI, CONGO – Ku minsi 19/10/2017 uyu munsi hazindutse humvikana amasasu menshi mumuji wa Beni muri Kivu y’amajaruguru. Biravugwa kandi ko nubwo aya masasu yazindutse yumvikana, habaye ho gushamirana kw’ingabo za leta ya Congo aho zataniye mu mitwe n’inyeshamba z’umutwe wa ki Islamu zikomoka mu gihugu cya Uganda.

Haravugwa kandi ko nta muntu numwe wemerewe kunyura mu nzira igana Mbau cangwese ibarabara rya Kamango bitewe n’umutekano muke uhari. Uyoboye intara ya Beni, Bernard Amisi, Kalonda yatangarije abanyamakuru yuko imodoka ya General Mbangu yatwitswe n’inyeshamba za ADF (The Allied Democratic Forces).

Uhereye niyinga kugeza kuri none biravugwa yuko abantu barenga 26 aribo bamaze gusiga ubuzima muri iyo mirwano. Nubwo havugwa iyichwa ry’abaturage ba Beni, biravugwa kandi yuko muri iyi mirwano hamaze gupfa abasirikare babiri ba ONU ubwo bagerageza ga gukiza cangwe se kubuza inyeshamba kwangiriza no kwica abanyagihugu.

Kuva intambara zitangiye kuvugwa mumuji wa Beni, ubushakashatsi buremeza yuko abantu basaga magana arindwi (700 morts dans la région de Beni depuis octobre 2014.) kuva mu mwaka w’ibihumbi bibiri na cumi na kane.

Inyeshamba za ADF
Beni Kw’ikarita ya Congo.

 

LEAVE A REPLY

Please enter your comment!
Please enter your name here